Uwikekwa kuba inkozi y'ikibi kabuhariwe y'umukobwa yishwe n'igipolisi muri Kenya

Claire Mwaninki yari yubakanye n'undi bivugwa ko ari inkozi y'ikibi kabuhariwe Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Claire Mwaninki yari yubakanye n'undi bivugwa ko ari inkozi y'ikibi kabuhariwe

Igipolisi ca Kenya cishe uwikekwa kuba inkozi y'ikibi kabuhariwe y'umukobwa ku munsi wa gatatu mu gisagara ca Nairobi, nkuko ikinyamakuru Daily Nation kibivuga.

Claire Mwaninki, nkuko ikinyamakuru co mu gihugu kimwita, ngo yari mu mugwi ugenda wiba, akaba yarazanywe n'iyindi nkozi y'ikibi.

Igipolisi kivuga ko yari yubakanye n'ucyekwa kuba inkozi y'ikibi kabuhariwe irondegwa n'igipolisi.

Uwurongoye igipolisi mu gisagara ca Nairobi, Japheth Koome, yavuze ko imigwi myinshi y'inkozi z'ikibi ifisemwo abakobwa.

"Abo bagore nibo bakoreshwa mu gutwara ibigwanisho, mu kurondera amakuru, abandi bakajana n'abagabo mu bukozi bw'ikibi," niko Bwana Kome yavuze, amenyesha kandi ko bakunze gushira indya abagabo bahigwa iyo baba binyegeje.