Igisasu cishe abantu 17 muri Pakistani

Ico gitero cibasiye imodoka zari ziherekeje umukenguzamateka, Abdul Ghafoor Haideri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ico gitero cibasiye imodoka zari ziherekeje umukenguzamateka, Abdul Ghafoor Haideri

Niburiburi abantu 17 bapfuye inyuma yaho igisasu giturikiye mu ntara ya Balochistan, mu gitero cari cibasiye umutegetsi.

Ico gisasu cibasiye imodoka zari ziherekeje umukenguzamateka Abdul Ghafoor Haideri, icegera c'uwurongoye inama nkenguzamateka, yaravuye mu nama i Mastung.

Umukozi mukuru wo mu gipolisi Safar Khan yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko bitari bwamenyekane ko coba cari igitero c'umwihevyi.

Abandi bantu benshi bakomerekeye muri ico gitero.

Umukenguzamateka Haideri yabwiye Reuters ko yakomeretse ariko atari cane.

Abakomeretse cane baciye bajanwa n'indege mu bitaro vya Quetta.

Umukenguzamateka Haideri aserukira umugambwe Jamiat Ulema-e-Islam Fazl (JUI-F), umugambwe uri mu yiri ku butegetsi ugizwe n'aba Islamu bo mw'ishami ry'aba Sunni.

Benshi mu bakomeretse canke bapfuye bari abakozi b'umugambwe, nkuko itangazamakuru rya Pakistani ribimenyesha.

Hari umupolisi yavuze ko n'umushoferi wa Bwana Haideri yapfuye.

Uwo mukenguzamateka yarasubiye Quetta ahejeje gushikiriza inkaratasi z'umutsindo abanyeshule, niko Reutres yavuze.

Ntawuramenya uwagavye ico gitero.