Chelsea ishobora kwigina intsinzi ya Premier League uno munsi

Chelsea ishobora guhimbaza intsinzi ya gatanu mu mahiganwa 13 ya Premier League ni yatsinda West Brom uno munsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chelsea ishobora guhimbaza intsinzi ya gatanu mu mahiganwa 13 ya Premier League ni yatsinda West Brom uno munsi

Umugwi Chelsea ushobora kurara wigina intsinzi y'ihiganwa rya Premier League 2017 uno munsi, ni yaramuka itsinze West Brom.

Abakunzi ba Chelsea baza gusidukana n'iyonka bagiye kurorera ico baharaniye umwaka wose, uno munsi itike rikaba ryagurishwa £1800 ($2300)

Abakinyi b'umugwi West Brom bobuza ko uwo munsi mukuru ushika biteguye, Jonny Evans yari yarakomeretse mu rukino rwabahuza na Burnley akaba yagarutse co kimwe na Hal Robson-Kanu, ariko Matt Phillips akaba adashobora gukina kubera imvune.

Umukinyi N'Golo Kante wa Chelsea yagenywe ka mukinyi wa mbere mwiza w'uno mwaka n'abagize umupira w'amaguru umwuga, yiteze gukora ukwo ashoboye ngo Chelsea itahukane iyo ntsinzi mu rukino rw'uno munsi.

Umugwi wa Chelsea ufise muri kino gihe amanota 84, umugwi uwukurikira Tottenham ukagira amanota 77 usigaje inkino zitatu gusa. Mu gihe Chelsea yotsinda ikaja ku manota 87 yoba itahukanye igikombe naho Tottenham yoba yotsinze inkino zisigaye zose.