Urwamo rw'amasasu menshi muri Côte d'Ivoire

Amabarabara yo mu gisagara ca Abidjan yagaragara
Image caption Amabarabara yo mu gisagara ca Abidjan yagaragara

Uno munsi humvikanye urwamo rw'amasasu menshi mu gisagara ca Abidjan mu gihugu ca Côte d'Ivoire, nkuko vyamenyeshejwe n'umumenyeshamakuru wa BBC.

Rwadutse inyuma yaho abahora ari inyeshamba bari mu gisirikare c'igihugu, bazibiriye amabarabara hanze y'ibiro bikuru vy'igisirikare.

Abantu batewe n'ubwoba ahitwa Plateau, agace kagwiriyemwo amaduka n'amabanki, niko uwo mumenyeshamakuru avuga.

Mu mabarabara abantu baguma biruka urwamo rw'amasasu menshi rusamirana inyuma yabo.

Umumenyeshamakuru avuga ko babwiwe ko ata masasu y'ukuri yakoreshwa, ariko abantu bakaba batekegwa n'ubwoba bibutse ingwano ihahitiye.

Abantu ngo barazi ico amasasu ashobora gukora.

Abafashe ibigwanisho uno munsi ngo n'abahora mw'ishamba bafashije Prezida Alassane Ouattara gushika ku butegetsi.

Nibo bahagarikishije imirimo mu myiyerekano yo mu kwezi kwa mbere, bishuza imishahara n'utundi dushirukabute.

Ico gihe bararonse ivyo basaba, ariko kuri televiziyo ejo mw'ijoro, ubutegetsi bwarivuguruje.

Abasirikare bo mu makambi yose yo mu gihugu bagumye barasa mu kirere mu kugaragaza agashavu.

Mu gace ka Plateau, amabarabara asanzwe aba arimwo uruja n'uruza rw'abantu n'imiduga, kari gatekanye.