Umugera wateye muri za mudasobwa mw'isi yose

Umugera urihisha $300 muri Bitcooin
Image caption Abatewe n'umugera muri mudasobwa basabwa kuriha $300

Hari umugera uca muri za mudasobwa warandagase mu bigo n'amashirahamwe yo hirya no hino kw'isi, bikekwa ko wifashshishije ubuhinga (canke porogarama) bwibwe mu rwego rwa Leta zunze Ubumwe za Amerika rujejwe iperereza ryo hanze y'igihugu-NSA.

Ubwo buryo bwitwa 'Eternal Blue', abacengera muri za mudasobwa bavuze ko babwivye mu kwezi kwa gatatu, bakabukwiragiza bifashishije itumatumanako ryo kuri internet.

Ikigo ca Microsft cari cavuniye akagohe abakoresha za mudasobwa mu gutanga uburyo bwo kuzikingira mu kuzishira ku gihe (update) ariko benshi ntibabikoze.

Mudasobwa ziharugwa mu bihumbi, mu bigo n'amashirahamwe atandukanye yo mu gihugu bigera kw'ijana, zandukiwe n'uwo mugera bataziriye 'WannaCry'.

Iyo nyene mudasobwa ashatse kuyugurura, asanga adashobora kwinjira, iyo porogarama yarungitswemwo ikamusaba kubanza kuriha ama dorari 300 mw'ifaranga bita Bitcoin, akoresheje uburyo bwo kuri internet.

Mu bihugu bigera nko ku 100 bimaze gutangaza ko vyagize ikibazo c'uwo mugera, harimwo Uburusiya ari nabwo bwakariwe kurusha ibindi, hamwe n'Ubwongerza cane cane mu kigo ca leta kijejwe amagara y'abantu -NHS.

Muri ico kigo amavuriro n'ibitaro vyabaye ngombwa ko bisubiza inyuma abagwayi, canke vyigiza inyuma amasango yo kuvura abari bamaze kwemeregwa.