Haracari uruhagarara mu basirikare ba Cote d'Ivoire

Abasirikare bagera ku 8000 bababajwe no kumva uwubakuriye avuga ku bahevye ivyo basaba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Général Touré Sékou, ayoboye ibiro vya gisirikare vya Cote d'Ivoire yahaye gasopo abagumutse

Sergeant Seydou Kone, umukuru w'abasirikare bigumuye ku buyobozi basaba amafaranga y'agashirukabute, avuga ko ataco bafise bahomba kandi biteguye guhangana.

Sergeant Seydou Kone avuga ko ata muntu n'umwe abasirikare bigumuye bashaka kuganira nawe.

Ku munsi wa gatanu, abasirikare bo mu bice bitandukanye vya Cote d'Ivoire basavye leta kubaha igice kigira kabiri c'agashirukabute ibasigariyeko, imbere yo kugaruka mu makambi.

Ako gashirukabute kangana n'ibihumbi mirongo ibiri vy'ama dorari ku musirikare, nk'uko leta yabemereye mu kwezi kwa mbere.

Abenshi muri bo baracaheraniwe ayagera ku bihumbi cumi na bibiri, ariko leta ya Cote d'Ivoire ikavuga ko bigoye kubera ibiciro vy'igitegwa ca Cacao igihugu gisanzwe cikorako vyakorotse kw'isoko mpuzamakungu.

Abasirikare bagera ku 8000, bashavujwe no kwumva uwari abayoboye aja kuvugira kuri tereviziyo ko bahevye ivyo basaba.

Abenshi mu bigumuye bafashije perezida Alassane Outtara gushika ku butegetsi muri 2010, igihe uwo yasubiriye Laurent Gbagbo, yari yanse kumubisa amaze gutsindwa amatora