Europol: umugera wateye imashini ntiwari bwaboneke

Umugera WannaCry wakwiye hose Uwufise ububasha kw’isanamu MALWARETECH
Image caption Ivyuma bishobora kubona za mudasobwa zatewe kw'isi hose

Ikigo c'igipolisi kijejwe kubahiriza amategeko ku mugabana wa Bulaya Europol, kimenyesha ko hazokenegwa amatohoza akomeye kw'isi yose mu ntumbero yo inkomoko y'ibitero vyagabwe kuri za mudasobwa kuruyu wa gatanu.

Ibigo n'amashirahamwe bigera ku 77 vyo mu bihugu bigera ku 100 hirya no hino kw'isi, vyatewe n'umugera warandagase uciye mu mashini za mudasobwa.

Uburusiya buri bu bihugu vyababaye kurusha ibindi kw'isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Screengrab
Image caption Mudasobwa zatewe zituma umuntu adashobora kwinjira

Mu Bwongereza ibitaro n'amavuriro vyahagaritse kwakira abarwayi abandi bigirizwayo amasango.

Ariko inyuma yo kubonana n'umugwi ujejwe kwiga ibibazo vyihutirwa, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Amber Rudd, amenyesheje ko ahenshi ibintu vyamaze gusubira mu buryo.

Imashini ziharugwa mu bihumbi zatewe n'umugera waje muri porogarama ipfungirana umuntu, ntushobore kugurura imashiniyawe utabanje kuriha utarishe amafaranga agera ku madorari 300 mu buryo bwa internet hakoreshejwe Bitcoin.