Koreya ya ruguru yashizwe mu majwi kubera igeragezwa ry'igisasu

Iakarashishi y' ibigwanisho vya Koreya ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu kwezi guheze Koreya ya ruguru yerekanye ibigwanisho bikomeye kuri defire

Leta zunze Ubumwe za Amerika ziyamirije igeregezwa ry'igisasu ca Koreya ya ruguru, zikemeza ko bitakiri agaseseshwa rumuri ko ico gihugu giteye impungenge.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zisaba ko ibihano Koreya ya ruguru yafatiwe ahubwo bikwiye gukazwa.

Umukuru w'igihugu mushasha wa Koreya y'epfo Moon Jae-in, wewe ashigikiye ikoreshwa ry'ubwumvikane budaciye mu ngimba, yise iryo geregeza agasomborotso karimwo ugwangara.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe, yavuze ko ukwo kwisubiriza kw'igieragezwa ry'ibisasu vya Koreya ya ruguru guteye impungenge igihugu ciwe.

Nayo Ubushinwa buhamagarira impande zose kwifata.

Igisasu cageregejwe na Koreya ya ruguru catewe kuri kirometero 700 mu kirere imbere yo gukorokera mu kiyaga.

Ubuyapani na Koreya y'epfo bivuga ko ibi birenze ubushobozi bw'ikindi gisasu kigereranye Koreya ya ruguru yaheruka kugerageza bigakunda mu kwezi kwa kabiri.