Abakoresha za mudasobwa bashobora kwongera gutegwa

Birashoboka kwikingira ku mashini zitarandukirwa
Image caption Ikigo c'ubushashatsi co mu Bwongereza "MalwareTech" kigabisha ko hashobora kuba ikindi gitero

Mu gihe abantu buca basubira ku mirimo, abahinga mu vy'umutekano mw'itumatumanako baragabisha ko hashobora kugabwa ibindi bitero vy'imigera irungikwa muri za mudasobwa nk' ivyabaye mu mpera z'iyi ndwi.

Ibigo, amashirahamwe n'ibindi bikorwa bitandukanye birangurwa hifashishijwe igisenge c'itumatumanako rica muri za mudasobwa bigera ku 200,000.00, vyo mu bihugu birenga 150 kw'isi, vyarabangamiye n'igitero c'umugera co ku munsi wa gatanu.

Uwo mugera wagize ingaruka ku bikorwa bitandukanye, vyaba ivyo mu maleta, amabanki, amahinguriro y'imodokari canke ubuvuzi.

Ibihugu vy' Ubwonegerza n' Uburusiya nivyo vyababaye kurusha ibindi kw'isi.

Uwo mugera warungitswe hirya no hino kw'isi, wabuza nyene imashini kuyugurura ngo ashikire ububiko bw'ivyanditsemwo, kiretse abanje kuriha amafaranga.

BBC yasuzumye ama konte atatu y'ifaranga abarungitse uwo mugera barihisha rikoreshwa mu buryo bwa internet -Bitcoin, isanga bene ayo makonte begeranije amadorari agera ku bihumbi mirongo itatu.