OMS yahagurukiye Ebola muri RD Congo

Mu mwaka uheze Ebola yahitanye 40 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikiza ca Ebola cadutse mu burengero 2014-2015 yasize itikije inganda

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko hari abahinga barungitswe mu turere two hagati mu gihugu ca Congo Kinshasa, ahavugwa abantu 11 banduye igwara ya Ebola.

Mu bantu cumi n'umwe banduye, harimwo batatu bamaze kwitaba Imana.

OMS iriko irakora mu nzira yo kumenya uburemere bw'ico kiza, kuvura abamaze kwandura uwo mugera hamwe rero no gukwirikira uwo wese yoba yarabonanye n'abo bagwaye.

Iki kiza kibaye ikigira munani kuva iyo ngwara ya Ebola ibonetse ubwa mbere muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo.