Toyota ishigikiye ubushashatsi ku modoka zigendera mu kirere

Toyota yiyemeje guha Cartivator $300.000 Uwufise ububasha kw’isanamu CARTIVATOR
Image caption Imokari iguruka iriko irakogwa izoba ifise metero 1.3

Toyota yiteguye guha amadorari ibihumbi amajana atatu umugwi w'abahinga bariko bakora ubushakashatsi ku bwoko bw' imodokari zishobora kugendera mu kirere.

Ubwo bushakashatsi buriko bukorerwa hanze y'umuji wa Toyota hagati na hagati mu Buyapani.

Kugeza ubu Toyota yakoresheje uburyo bwo kwegeranya infashanyo zivuye mu bantu mu ntumbero yo gushigikira umugambi wo gukora imodokari ishobora kuguruka mu kirere.

Iyo modokari izonyongwa hakoreshejwe uburyo bwa drone, n'ukuvuga ko igendeshwa n'ubuhinga bw'itumatumanako hatarinze kwicaramwo umushoferi.

Izoba kandi ariyo modokari nto ya mbere yo muri uubwo bwoko bw'izigendera mu kirere.

Umugwi CARTIVATOR uriko urakora iyi modokari witeze ko ishobora kuba ariyo izokoreshwa mu kudomeka urumuri rw' inkino za Olympic zizokwakigwa mu muji wa Tokyo muri 2020.