Umukobwa wa Micheal Jackson yasobanuye ivy'amafoto yiwe y'ubwambure

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Paris Jackson yaheruka kwitabira igteramo ca Met Gala muri New York

Paris Jackson, yahaye ubutumwa abakunzi biwe barenga miliyoni n'ibihumbi amajana ane bamukurikirana kuri Instagram, aho yababwiye ko ubwambure ari ikintu gisanzwe.

Paris Jackson, umukobwa rudende wa Michael Jackson, yabwiye ibihumbi vy'abamukurikira kuri Instagram ko ubwambure ari 'kimwe mu bituma umuntu yitwa umuntu'.

Yaheruka kunebagugwa kubera yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ifoto imwerekana umutumba ari ubwambure yicaranye n'imbwa yiwe.

Ayo mafoto bivugwa ko yoba yahavuye afutwa ariko rero, uyu mwigememe w'imyaka 19 yaciye ashirako iyindi foto ari ubwambure haruguru, ariko akwega agatabi.

Iyo foto igaragara mw'ibara ryera n' iryirabura, iherekejwe n'ubutumwa mu majambo akarishe yo kwishura abamunegura.

Yanditse ko kwambara ubusa vyatanguye nk'impararo yo kwiyegereza uko umuntu yari ateye kera, imbere y'amajambere, ndetse hari abavyita 'ubumenyi'.

Uwufise ububasha kw’isanamu PARISJACKSON/INSTAGRAM
Image caption Paris Jackson yiyamye abamunegura mu butumwa buherekeje ifoto yiwe

Kuri we ngo bimufasha kwumva ko ari kw'isi kandi n'ikintu ciza, ngo kidakwiye gufatwa nk'aho umengo gifitanye isano n'igitsina.

Yanditse avuga ko umubiri w'umuntu ari ikintu ciza uko woba umeze kwose canke uko usa kwose, waba ufise inkovu canke ibijebejebe.

Kubwiwe ngo umuntu akwiye kwigaragaza uko yiyumva.

Yabwiye abamukurkira ati nimba mubona bibabangamiye, ndabitahura kandi ndabahanuye ko mutokomeza kunkwirikira, ariko sinkeneye kubisabira imbabazi.

Yongeye ko ati 'uko niko ndi kandi ndahakanye ubwoba no kwama mpisha ivyiyumviro vyanje'.

Iki camamare mu kumurika imideri, asigwa n'umuririnvyi rurangiranwa mu mudiho wa pop Michael Jackson amaze iminsi akurikiranwa kuva aho agisinyiye amasezerano aciye za miliyoni yo kumurika imideri ya Calven Klein.

Aheruka kuja mu giteramo ca Met Gala ku yubakwa ndangamico ya 'Metropolitan Museum of Art' mu muji wa New York nk'umutumire w'iteka wa Calvin Klein.

Yitezwe kandi kuboneka muri firime ya Amazon Studios, ari kumwe na David Oyelowo, Amanda Seyfried na Charlize Theron.

Paris yari afise imyaka 11 igihe se wiwe Michael Jackson yitaba Imana mu 2009, ahitanywe n'urugero rurenze rw'umuti yatewe.

Uwari muganga wiwe Dr Conrad Murray, yahamijwe icaha co kwica atabiteguye.

Paris Jackson aheruka kubwira ikinyamakuru Rolling Stone ko akeka ko se yishwe.

Yabwiye ico kinyamakuru kandi ko yafashwe ku nguvu n'umuntu atazi namba, asobanura ibihe yaciyemwo vy'akabonge no gushaka kwiyahura muri 2013.