Korea ya Ruguru yagerageje "rocket" ishika kure

Ikigwanisho co mu bwoko bwa "rocket" ngo gishobora guhekwa ku mutwe ikigwanisho ca "nucléaire" Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA
Image caption Ikigwanisho co mu bwoko bwa "rocket" ngo gishobora guhekwa ku mutwe ikigwanisho ca "nucléaire"

Korea ya Ruguru yavuze ko "missile" yagerageje ku munsi wa Mungu ari ubundi bwoko bwa "rocket" ishobora gutwara ikigwanisho kinini ca "nucléaire".

Iyo "missile" yashitse ku 2000km mu kirere ku rugendo rwi 700km imbere yuko igwa mu kiyaga mu burengero bw'Ubuyapani.

Korea ya Ruguru yavuze ku munsi wa mbere ko yariko irihweza ubushobozi bwa "rocket" nshasha ishobora kugera kure.

Igisirikare ca Korea Yepfo kivuga ko kidashobora guhinyuza ayo makuru ariko cemeza ko "missiles" za Korea ya Ruguru zishobora kugera kure cane mu kirere (athmosphère) ari navyo bikenegwa igihe umuntu aba ashaka gukora "missiles" ziva ku mugabane zigashika ku wundi, niko itororokanirizo ry'amakuru Yonhap ryavuze.