Imidugararo yatandukiye utundi duce muri Côte d'Ivoire

Abasirikare bagumutse nibo bafashije Alassane Ouattara uja ku butegetsi mu 2011 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare bagumutse nibo bafashije Alassane Ouattara uja ku butegetsi mu 2011

Abasirikare b'igihugu batanye mu mitwe n'inteko zagumutse zisaba udushirikabute, ingwano ikaba yatandukiye uduce dushasha.

Urwamo rukomeye rw'amasasu rwumvikanye ku kivuko ca San Pedro, aho abanyagihugu bavuga ko abagumutse bakwiragiye hose n'ahitwa Daloa, igisagara co mu burengero kirimwamwo "cacao".

Ababibonye bavuga ko abantu bafise ibigwanisho bambaye impuzu za gisirikare abandi iz'igisivile bari bazibiye ibarabara risohoka igisagara ca Abidjan rija mu buraruko, aho urwamo rw'amasasu rwumvikanye kare.

Abasirikare bacegamiye ubutegetsi bari bakigerageza gusubiza ibintu mu buryo.

Amabanki yo mu gihugu cose akaba yasabwe kwugara. Amashule amwamwe hamwe n'ubuzi navyo nyene vyugaye.

Abasirikare barenga 8000 baragumutse basaba amahera bemerewe bashira Prezida Alassane Ouattara ku butegetsi.

Ubutegetsi busigura ko igiciro ca cacao cakorotse, catumye budashobora kubishura amahera bwari bwarabemereye.

Umukuru w'ingabo Jenerali Sékou Touré yiyemeje kurangiza iyo migumuko.

Mw'itangazo yarungitse ku munsi wa Mungu, Jenerali Touré yavuze ko benshi mu bagumutse bumvise akamo yabateye ko guhagarika iyo migumuko.

Abasirikare b'igihugu bagomowe kubera hari bamwe mu bagumutse birengagije ako kamo, niko yavuze.