Leta ya Côte d'Ivoire ngo yumvikanye n'abasirikare bagumutse

Umuvugizi w'abasirikare bagumutse yavuze ko ata masezerano bapfunditse Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuvugizi w'abasirikare bagumutse yavuze ko ata masezerano bapfunditse

Leta ya Côte d'Ivoire yamenyesheje ko yumvikanye n'abasirikare bagumutse kubera udushirukabute bamaze iminsi ine batera imidugararo.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain-Richard Donwahi yavugiye kuri televiziyo ko bumvikanye ukuntu ikibazo kigiye kurangizwa.

Ariko haheze iminota mikeyi abavugizi babiri b'abagumutse, babwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ata masezerano yigeze apfundikwa.

Bwana Donwahi yatanze insiguro nke kuvyo bumvikanyeko.

Impari kuvyo abasirikare bagumutse bise udushirukabute tutarishwe, zatanguye ku munsi wa gatanu zituma imidugararo ikwira ibisagara vyinshi.

Abo basirikare baranse kwitaba akamo ka leta kabasaba gushira hasi ibigwanisho, babandanya barasa ,mu bisagara bine ku munsi wa mbere.

Urwamo rw'amasasu rwarumvikanye iruhande y'ikirimba c'umukuru w'igihugu mu gisagara ca Abidjan, mu gisagara ca kabiri gikomeye ca Bouaké hamwe no mu turere turimwamwo "cacao".