Korea ya Ruguru irikekwa ku bitero vyibasiye mudasobwa

Ibihugu bishika 150 nivyo vyibasiwe n'ibitero vyakozwe kuri za mudasobwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibihugu bishika 150 nivyo vyibasiwe n'ibitero vyakozwe kuri za mudasobwa

Abahinga mu vy'umutekano bemera ko Korea ya Ruguru ishobora kuba inyuma y'ibitero vyibasiye mudasobwa mu bihugu 150 mu ndwi iheze.

Inyandiko ipfobetse yakoreshejwe kuri mudasobwa mu bitero vyaheruka vyegetswe kuri Korea ya Ruguru, nubu yibonekeje mu bimaze iminsi bishika.

Uwufise ububasha kw’isanamu @NEELMEHTA
Image caption Inyandiko ipfobetse yarakoreshejwe mu bitero vyaheruka

Abazi utuntu n'utundi bavuga ariko ko atawoshoka avyemeza.

Ku munsi wa gatanu amabanki, ibitaro hamwe n'amashirahamwe ya leta vyaratewe na porogarama mbi yatumye mudasobwa ziyugara, igasaba amahera ngo zishobore gusubira mu buryo.

Ubushinwa buvuga ko amashule kaminuza yabwo atatandukiriwe nkuko vyavuzwe.

Uburusiya buri bu bihugu vyababaye kurusha ibindi kw'isi.

Mu Bwongereza ibitaro n'amavuriro vyarahagaritse kwakira abarwayi abandi bigirizwayo amasango.

Ariko inyuma yo kubonana n'umugwi ujejwe kwiga ibibazo vyihutirwa, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Amber Rudd, amenyesheje ko ahenshi ibintu vyamaze gusubira mu buryo.

Imashini ziharugwa mu bihumbi zatewe n'umugera waje muri porogarama ipfungirana umuntu, ntushobore kugurura imashiniyawe utabanje kuriha utarishe amafaranga agera ku madorari 300 mu buryo bwa internet hakoreshejwe Bitcoin.