Al-Shabab yishe abantu babiri mu ntara ya Mandera muri Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Al-Shabab irakunze kugaba ibitero mu gisagara ca Mandera

Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab wagavye igitero ahitwa Omar Jillo mu gisagara ca Mandera mu buraruko bwa Kenya, wica abantu babiri mw'ijoro ryo ku munsi wa mbere.

Umupolisi hamwe n'uwurongoye ako karere Dekow Adan, nibo bahasize ubuzima, abandi bapolisi babiri baranyuruzwa, bajanwa ku butaka bwa Somalia.

Ibigo vy'itangazamakuru bivuga ko Al-Shabab yemanze ivy'ico gitero cabaye mu ma sa ine z'ijoro.

Ubutegetsi bwa Kenya bwarungitseyo inteko gufasha kugarukana umutekano, mu gihe ibigo bijejwe umutekano vyaciye bija mu nama yihuta yo kwigira hamwe ivyaraye bishitse.

Igisagara ca Mandera kiri ku rubibe rwa Kenya na Somalia, kirakunze kwibasigwa n'ibitero vy'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab, ishaka kukigira umuhora wotuma yinjira vyoroshe ku butaka bw'igihugu ca Kenya.