Museveni yihanikije abasinzikaza ubuzima bw'umuntu

Prezida Museveni avuga ko gusinzikaza ubuzima urondera inkuru birekuwe n'imigenzo y'aba kera Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Museveni avuga ko gusinzikaza ubuzima urondera inkuru birekuwe n'imigenzo y'aba kera

Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yasavye inteko zijejwe umutekano guhagarika gusinzikaza ubuzima bw'umuntu, urondera gusokoroza amakuru ku wiketsweko icaha.

Mu rwandiko yarungikiye abategetsi bakomeye ba leta, barimwo umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, yavuze ko gusinzikaza ubuzima bishobora gutuma umuntu w'intungane yemera ko yakosheje ariko ngo sibwo buryo bubereye bwo kuronka ivyemezo vyokoreshwa muri sentare.

Naho uwikekwa atoba yemeye amakosa, igihe abakora itohoza bakoze akazi kabo neza (bagafata amakanda, bagakoresha amafoto canke uburyo bwa ADN, bagakoresha ivyabona, canke ubundi buhinga, canke bagakoresha imbwa n'ibindi), inkozizikibi zirashobora kwagigwa.

Bwana Museveni avuga ko naho uburyo bwo kubanza gusinzikaza ubuzima bwari bwemeye mu migenzo y'aba kera, ko muri kino gihe butagikenewe.

Avuga ko igihugu ca Uganda kimaze guhangana n'ibibazo bikomeye vy'umutekano kurusha ibitegwa n'abantu barasa bari ku mapikipiki bita boda bodas.

"Ntidushobora kunanigwa n'abicanyi bagendera kuri boda bodas bica abantu bicaye mu modoka zabo canke baca ku mabarabara...

Ni abicanyi bamaze kurinda bibaza ko badashobora gufatwa ngo bashikirizwe ubutungane ariko bazoruhira gufatwa hakoreshejwe ivyemezo bisaba ukwihangana, batarinze gusinzikarizwa ubuzima."