Abasirikare bagumutse bumvikanye na leta ya Côte d'Ivoire

Abagumutse bari basigaye bazibira amabarabara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagumutse bari basigaye bazibira amabarabara

Abasirikare bagumutse bumvikanye n'ubutegetsi bwa Côte d'Ivoire kurangiza imigumuko bari bamazemwo iminsi itanu basaba udushirukabute.

Leta yahaye umwumwe mu bagumutse imiliyoni zitanu za CFA ($ 8400) ku basirikare 8400 bagumutse, yemera gutanga ayandi imiliyoni zibiri z'ama CFA mu mpera y'ukwezi kwa gatandatu.

Ivyo bibaye hari haheze igihe umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain-Richard Donwahi amenyesheje ko bumvikanye ukuntu ikibazo kigiye kurangizwa ku mbonerakure.

Impari kuvyo abasirikare bagumutse bise udushirukabute tutarishwe, zatanguye ku munsi wa gatanu zituma imidugararo ikwira ibisagara vyinshi.

Abo basirikare baranse kwitaba akamo ka leta kabasaba gushira hasi ibigwanisho, babandanya barasa ,mu bisagara bine ku munsi wa mbere.

Urwamo rw'amasasu rwarumvikanye iruhande y'ikirimba c'umukuru w'igihugu mu gisagara ca Abidjan, mu gisagara ca kabiri gikomeye ca Bouaké hamwe no mu turere turimwamwo "cacao".