Agakobwa k'imyaka 10 kemerewe kuvanamwo imbanyi mu Buhindi

Abana barakunze gukoregwa amabi mu gihugu c'Ubuhindi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abana barakunze gukoregwa amabi mu gihugu c'Ubuhindi

Umugwi w'abaganga cumi wemeye ko akana k'agakobwa k'imyaka 10 kafashwe ku nguvu gakuramwo imbanyi mu ntara ya Haryana mu gihugu c'Ubuhindi.

Muganga Ashok Chauhan yabwiye BBC, ko ico gikogwa gishobora gutunganywa umwanya uwariwo wose.

Haheze amezi atanu ako gakobwa kamenye ko kibungenze. Kavuga ko kafashwe ku nguvu n'umugabo wa nyina, muri kino gihe yatawe mu mvuto.

Amategeko yo mu gihugu c'Ubuhindi ntiyemera ko imbanyi z'amayinga 20 zikugwamwo, kiretse igihe abaganga bamenyesheje ko ubuzima bw'umugore yibungenze bubangamiwe.

Mu mezi yahera Sentare ntahinyuzwa yaritwariwe n'abagore bafashwe ku nguvu, bipfuza kuvanamwo inda z'amayinga 20, sentare ica itura ico kibazo abahinga mu vy'ubuvuzi.

Imbanyi y'ako kana k'agakobwa yamenyekanye mu ndwi iheze, igihe nyina avyiketse agaca amujana kwa muganga.

Amakuru avuga ko ako gakobwa k'imyaka 10 kama gasigara muhira, igihe nyina yaba agiye ku kazi.

Kabwiye nyina ko uwo mugabo yagafashe ku nguvu incuro nyinshi ariko akagasaba kutabibwira nyina.