Trump yavuze ko bikwiye guhererekana amakuru n'Uburusiya

Donald Trump yavuze ko yahererekanye amakuru y'ibanga n'umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya Sergei Lavrov (uwa kabiri i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump yavuze ko yahererekanye amakuru y'ibanga n'umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya Sergei Lavrov (uwa kabiri i bubamfu)

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yisiguye avuga ko afise uburenganzira bwo gusangira amakuru n'Uburusiya, ku bivugwa ko hari amakuru y'ibanga yasohoye.

Bwana Trump yarungitse ubutumwa bwa Twitter avuga ko yasangiye "amakuru yerekeye iterabwoba n'umutekano mu ndege" kandi ko yipfuza ko Uburusiya bwitanga kurusha mu kugwanya umugwi wa Leta y'iki Islamu, "Islamic State".

Yagize umubonano n'umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu Sergei Lavrov, mu biro mu ndwi iheze.

Itangazamakuru rya Amerika ryavuze ko Bwana Trump yasohoye amakuru yari yatanzwe n'igihugu kigenzi, cari cihanikije ko atosohogwa kidatanze uruhusha.

Mu butumwa bwa Twitter ku munsi wa kabiri, Bwana Trump yavuze ati"Nka Prezida, nashaka gusangira ayo makuru n'Uburusiya (mu nama ibereye ku mugaragaro muri W.H) nkaba mfise uburenganzira bwo kuvuga ivyerekeye iterabwoba n'umutekano mu ndege."

"Ni ibituma bijanye n'ubuzima bw'abanyagihugu kandi nashaka ko Uburusiya bukomeza ingwano kuri IS n'iterabwoba."

Amakuru yavuye mu kinyamakuru Washington Post avuga ko Bwana Trump yatanze amakuru y'ibanga ajanye n'umugambi wa IS wo gutegura ibitero ukoresheje mudasobwa ngendanwa "laptop" mu ndege.

Ingendo ya Bwana Trump ntibujijwe n'amategeko kuko umukuru w'igihugu afise uburenganzira bwo kugaragaza amakuru afatwa nk'ibanga.

Ivyo Trump yakoze vyaneguwe n'aba Démocrates bituma n'aba Républicains bo mu mugambwe wiwe bamusaba kwisobanura.