Ubutegetsi bwa Kenya bwururukije igiciro c'ifu y'ibigori

Ubugari bw'ibigori niyo mfungugwa ya mbere ikundwa mu gihugu ca Kenya
Image caption Ubugari bw'ibigori niyo mfungugwa ya mbere ikundwa mu gihugu ca Kenya

Ubutegetsi bwa Kenya bwagondojwe n'imyidogo y'abanyagihugu hamwe n'imigambwe bitavuga rumwe, buragabanya igiciro c'ifu y'ibigori ku bice birenga 50%.

Igiciro cari kimaze iminsi caraduze kugera ku $2 ipaki y'ibiro bibiri, bituma imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ishingira imyiyamamazo yayo ku buzima buzimvye n'ibiciro vyaduze vy'ibifungugwa.

Mu kiganiro n'ibigo vy'itangazamakuru, umushikiranganji w'uburimyi Willy Bett yavuze ko leta yumvikanye n'abanyagihugu hamwe n'amashirahamwe yigenga agurisha impurungure, kugabanya igiciro c'ipake y'ibiro bibiri ku $0.90 n'ukuvuga amashilingi 90 ya Kenya.

Yongeye avuga ko leta yakuyeho ikori kuri uwo wese yinjiza mu gihugu ifu y'ibigori hamwe n'amata mu kurindira umwimbu uzokurikira.