Prezida Bashir yatumiriwe hamwe na Trump mu nama yi Saudia

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Omar al-Bashir akurikiranwa na CPI kuva mu 2009

Umukuru w'igihugu ca Sudani Omar al-Bashir akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yatumiwe mu nama yo muri Arabie Séoudite co kimwe na Prezida wa Amerika Donald Trump, niko ibigo vy'amakuru AFP na New York Times vyavuze.

AFP yisunze amakuru yavuye ku mutegetsi wo muri Arabie Séoudite mu gihe New York Times yakuye ayo makuru ku muvugize wa leta ya Sudani.

Ntibiramenyekana ko azemera ubwo butumire.

Bwana Trump ategekanya gushika muri Arabie Séoudite ku munsi wa gatandatu, akaba ariho azoba atanguye urugendo rwiwe mu makungu.

Prezida wa Sudani akurikiranwa na CPI ku vyaha vyerekeye ubwicanyi bwakurikiye indyane zo muri Darfur.

Yarahakanye ivyo aregwa.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntizigeze zishira umukono ku masezerano yashinze iyo sentare, ariko irashigikiye ibikorwa vyayo.