Abanyororo barenga 50 batorotse ibohero muri RD Congo

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila yatumye abantu benshi barimwo n'abanyepolitike bafungwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila yatumye abantu benshi barimwo n'abanyepolitike bafungwa

Abanyororo barenga 50 batorotse ibohero ririnzwe cane ryo ku mugwa mukuru Kinshasa muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, RD Congo, inyuma y'igitero c'abantu bafise ibigwanisho.

Abatorotse barimwo kizigenza w'umuhari w'igikristu Bundu dia Kongo.

Umushikiranganji w'ubutungane, Alexis Thambwe, yabwiye iradiyo ikorera mu gihugu ko uretse kizigenza w'uwo muhari (Ne Muanda Nsemi), ko abandi banyororo b'icubahiro barimwo abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'abasirikare bagirizwa urupfu rwa Prezida wa kera Laurent Kabila, batahunze.

Igipolisi ngo carashe abanyororo benshi igihe bariko barahunga.

Umumenyeshamakuru wa BBC yavuze ko abakozi b'umuryango utabara imbabare Croix Rouge, bariko barajana ibiziga vy'abapfuye mu buruhukiro.