Trump "yasavye" Comey kudakurikirana Flynn

James Comey (i bubamfu) yirukanywe yarongora FBI na Bwana Trump (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption James Comey (i bubamfu) yirukanywe yarongora FBI na Bwana Trump (i buryo)

Prezida Donald Trump ngo yasavye umukuru wa FBI, James Comey, guhagarika itohoza yariko arakora ku migenderanire y'uwahora ari umuhanuzi wiwe mu vy'umutekano, Michael Flynn, n'igihugu c'Uburusiya, niko ikinyamakuru co muri Amerika kivuga.

"Nizeye ko bino wovyihoza," niko Bwana Trump yaguma abwira Bwana Comey inyuma y'inama bagiranye mu biro White House mu kwezi kwa kabiri, mu cegeranyo uwahora arongora FBI yanditse.

Ico cegeranyo canditswe inyuma y'inama, haheze umunsi Michael Flynn, umuhanuzi mu vy'umutekano, atanze imihoho, nkuko itangazamakuru rivuga.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyahakanye ayo makuru mw'itangazo vyasohoye.

"Prezida ntiyigeze asaba Bwana Comey canke uwundi wese guheza itohoza, n'iryobamwo Jenarali Flynn," niko rivuga.

Umushingamateka akomeye w'umu Républicain yasavye FBI gutanga ivyegeranyo vyose bijanye n'iyo dosiye mu kiringo c'indwi imwe.

Jason Chaffetz, arongoye umugwi w'inama nshingamateka ujejwe amatohoza, yasavye ko amakete yose Bwana Comey yandikiraniye na Prezida Trump, yoba yatanzwe itariki 24 z'ukwezi kwa gatanu.

Bwana Flynn yirukanywe mu kwezi kwa kabiri, inyuma yaho atavugishirije ukuri avugana n'icegera c'umukuru w'igihugu, ku biganiro yagiranye n'uwuserukira Uburusiya imbere yuko Trump yinjira mu mabanga.

Trump asabwa gutanga ivyo yavuganiyeko n'uwarongora FBI

Ikibazo ca Trump na Comey kiracari urusobe