Putin yashigikiye Trump avuga ko "ata mabanga yatanzwe"

Bwana Trump yarabonanye na Sergei Lavrov (i bubamfu) n'ueuserukira Uburusiya muri Amerika, Kislyak (i buryo) ku munsi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bwana Trump yarabonanye na Sergei Lavrov (i bubamfu) n'ueuserukira Uburusiya muri Amerika, Kislyak (i buryo) ku munsi wa gatatu

Prezida w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, yisiguye ku bijanye n'uruhagarara rwatewe nuko Prezida Trump yoba yabwiye amabanga umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, avuga ko "ata mabanga bahawe"

Bwana Putin avuga ko nivyakenegwa azoha inama nshingamateka ya Amerika (ijambo kw'ijambo) ikiganiro c'umushikiranganji w'imigenderanire wiwe na Prezida Trump.

Prezida Putin yavuze ko abashikiriza ayo majambo ari abipfuza kwankisha igihugu c'Uburusiya muri Amerika mu bujuju canke mu bubeshi, kandi ko bononera igihugu cabo.

Ku munsi wa mbere, itangazamakuru rya Amerika ryavuze ko hari abategetsi bavuze ko Bwana Trump yahaye amabanga asabwa kuguma mu kinyegero abarusiya, ajanye n'umugambi wa Leta y'iki Islamu wo gutegura ibitero hakoreshejwe za mudasobwa.