Aba "Démocrates" basaba itohoza ku migenderanire ya Trump n'Uburusiya

Bwana Trump mu mubonano na Sergei Lavrov (i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bwana Trump mu mubonano na Sergei Lavrov (i bubamfu)

Aba "Démocrates" bagize igitigiri kinini mu nama nshingamateka basaba ko hoshingwa umugwi wigenga wotohoza ku migenderanire ya Prezida Trump n'Uburusiya.

Adam Schiff, wo mu murwi ujejwe iperereza mu nama nshingamateka yavuze ko uwo mugwi utoshigwako iterabwoba ritewe n'abanyepolitike, kandi ko wohabwa uburyo bukwiye kurusha imigwi y'itohoza ihasanzwe.

Yasavye abashingamateka b'aba Républicains gushigikira ico ciyumviro.

Agaciro k'idolari kakorotse kaja hasi cane murano mezi atandatu bitewe nuko Bwana Trump yasavye FBI guhagarika amatohoza yarimwo, ku migenderanire y'Uburusiya n'umwe mu bakozi biwe.

Itogwa rya Bwana Trump mu kwezi kwa cumi na rimwe ryari ryatumye idolari rishika kure mu gaciro kurusha mu myaka 14 yaheruka, ugereranije n'ayandi mahera y'agaciro, ico bise "Trump Bump" ariko ubu rikaba ryaguye hasi cane.