Uwigeze gutwara FBI agiye gutohoza ko Uburusiya bwivanze mu matora ya US

Robert Mueller n'umushikirizamanza wa kera, yigeze kurongora FBI kuva mu 2001 gushika mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mueller n'umushikirizamanza wa kera, yigeze kurongora FBI kuva mu 2001 gushika mu 2013

Uwahora arongora FBI yagenywe ka muhanuzi ahambaye agiye gukurikirana amatohoza yo kwihweza niba Uburusiya bwarivanze mu matora ya Amerika no ku migenderanire bwoba bwaragize n'abafasha Trump kwiyamamaza.

Igihe Robert Mueller yagenwa, icegera c'umushikirizamanza mukuru yavuze ko ari ku nyungu y'abanyagihugu, mu guha ayo mabanga umuntu avuye hanze.

Iryo gena ryemejwe na benshi bo mu migwi yose.

Abanyepolitike bagumye basaba ko hoshingwa umugwi uhambaye wokora itohoza kuva aho Prezida Donald Trump yirukaniye uwahora arongoye FBI, James Comey, mu ndwi iheze.

Itangazo rigena uwo mugabo ryatunguye ibiro vy'umukuru w'igihugu White House, Bwana Trump akaba yabimenye inyuma yaho icegera c'umushikirizamanza mukuru atereye umukono kw'itegeko rimushira mu mabanga.

FBI n'inama nshingamateka bihweza ko hoba harabaye imigenderanire hagati y'abagirira imyiyamamazo Trump n'igihugu c'Uburusiya.

Ibigo bijejwe iperereza biremeza ko Moscou yagerageje guhirika amatora ngo Trump abe ariwe ayatsinda.

Ashikirizwa ayo mabanga mashasha, Bwana Mueller azoba afise ububasha bwinshi yagize ati: "Ndemeye ano mabanga kandi nzoyarangura neza n'ubushobozi mfise."