Abigwisha hasi mu mupira w'amaguru bagiye guhagarikigwa inkino

Umukinyi wa Middlesbrough Gaston Ramirez yarahawe ikarata y'umuhondo yigwishije bakina na Bournemouth, munyuma yongegwa iya kabiri aca arasohogwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi wa Middlesbrough Gaston Ramirez yarahawe ikarata y'umuhondo yigwishije bakina na Bournemouth, munyuma yongegwa iya kabiri aca arasohogwa

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu c'Ubwongereza ryavuze ko abakinyi bigwisha hasi bashobora guhagarikigwa urukino rukurikira kuva mw'ihiganwa ryo mu mwaka uza.

Ishirahamwe "Football Association" rizotunganya amatora y'iryo tegeko mu nama yayo iba rimwe ku mwaka ku munsi wa kane, kandi ryiteze ko rizokwemegwa.

Ico kigo kirongoye inkino gikeneye gushigikigwa n'ihiganwa "Premier League", "English Football League" na "Professional Footballers' Association" kugira ngo iryo tegeko rirengane.

Bivugwa ko ayo mashirahamwe ashigikiye iryo tegeko, kandi ko amaze kuvyemera.

Ingene ritunganijwe, hategekanywa umugwi uzokwama usubiramwo inkino zabaye mu mpera y'indwi ku munsi wa mbere, uraba aboba bagiye barigwisha canke biryamika ngo bakorewe amakosa.

Umukinyi wese azoba yagiwe, azoca ahagarikwa urukino rukurikira.

Amategeko mwenayo aramaze kuja mu ngiro mu gihugu ca Ecosse kuva mu 2011.