Umuganwakazi wo mu Buyapani ashobora gukumigwa kubera uwakunda

Umuganwakazi Mako n'umwuzukurukazi w'umwami w'abami Akihito Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuganwakazi Mako n'umwuzukurukazi w'umwami w'abami Akihito

Umukobwa wo mu ngoma ya cami yo mu Buyapani, umuganwakazi Mako, agiye mu minsi iza gusubiza akaranga k'icami ni yarongogwa n'umunyagihugu asanzwe.

Uwo mwigeme w'imyaka 25, umwuzukuru w'umwami w'abami Akihito, ategekanya gupfundika amasezerano yo kubana n'umukozi w' ikigo c'ivy'amategeko, Kei Komuro, nawe nyene akwije imyaka 25, bamenyanye igihe bari kw'ishule rimwe.

Amategeko yo ku ngoma y'ubwami mu gihugu c'Ubuyapani, avuga ko umuganwakazi ava mu muryango wa cami igihe arongowe n'umuntu asanzwe.

Ico cipfuzo c'uwo muganwakazi gishobora kuvyura ibisanzwe bivugwa ku bijanye n'uruvyaro rwo ku ngoma ya cami, bigashobora gutuma n'umwami w'abami ashobora guca akinjura.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Komuro yarigeze gukora yitwa "Umuganwa wo mu kiyaga", mu guteza imbere igisata c'abakerarugendo

Umuganwakazi Mako na Kei Komuro bahuye ubwa mbere mu bunywero mu 2012, igihe bose biga kw'ishule "International Christian University" ryo mu gisagara ca Tokyo.