Abanyororo barenga 3000 nibo batorotse muri RD Congo

Abantu bafise ibigwanisho bateye ibohero mu bucagucagu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bafise ibigwanisho bateye ibohero mu bucagucagu

Inteko zijejwe umutekano zo muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo, RD Congo, zabwiye BBC ko abanyororo barenga 3000 aribo batorotse igihe abantu bitwaje ibigwanisho bateye kw'ibohero rikuru ry'igihugu ejo.

Ubutegetsi buvuga ko abashika 50 gusa aribo batorotse.

Amakuru aturuka mu nzego z'umutekano avuga ko abantu baharugwa mu mirongo bishwe ico gihe c'ico gitero co kw'ibohero rya Makala.

Uwurongoye umugwi w'abemera Imana Bundu Dia Kongo, ngwari mu bahunze.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye imwe mu maradiyo akorera mu gihugu ko abo banyororo bateye ubwoba, ko uwobabona yobimenyesha igipolisi.