Omar al-Bashir yasibije urugendo rwo muri Saudia

Prezida Omar al-Bashir akurikiranwa na CPI kuva mu 2009 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Omar al-Bashir akurikiranwa na CPI kuva mu 2009

Umukuru w'igihugu ca Sudani Omar al-Bashir akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yasibije urugendo yohuriyemwo na Prezida wa Amerika Donald Trump, mu nama y'ibihugu vy'idini rya Islamu mu gihugu ca Arabie Séoudite, niko AFP yamenyesheje isubiramwo ivyavuzwe n'ibiro vyiwe.

Yasavye ikigongwe umwami Salman wa Arabie Séoudite, ku kubona adashoboye kwitaba iyo nama, nkuko ikigo c'itangazamakuru Suna cavuze.

Urwo rugendo rwomutumye aja mu nama y'ibihugu bivuga icarabu hamwe n'indongozi z'aba Islamu i Riyadh, ntirwafashwe neza n'ubutegetsi bwa Washington.

Igihugu ca Sudani kiri mu mugwi w'ibihugu Bwana Trump yanse ko vyinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kumwe na Irani, Iraki, Libiya, Somalia, Syria na Yemeni.

Sudani carafatiwe ibihano vy'ubutunzi mu 1997 igihe ico gihugu gishizwe na Amerika mu mugwi w'ibihugu bitanga uburyo mu bikogwa vy'iterabwoba.

Bwana Bashir amaze guhakwa gufatwa kenshi inyuma yaho CPI imenyeshereje ko imuhiga kubera ivyaha vy'ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ngwano n'ivyaha vyibasira kiremwa muntu ku bijanye n'indyane zadutse muri Darfur zihitana abantu baharugwa mu bihumbi.