Suède yahanaguriye ivyaha nyene Wikileaks Julian Assange

Abantu barindiriye kubona niba Bwana Assange ava mu nyubakwa z'ubuserukizi bwa Equateur i Londres Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barindiriye kubona niba Bwana Assange ava mu nyubakwa z'ubuserukizi bwa Equateur i Londres

Umushikirizamanza wo mu gihugu ca Suède yahagaritse amatohoza yarimwo ajanye no gusambanya ku nguvu, kwegetswe k'uwatanguje Wikileaks Julian Assange.

Marianne Ny yavuze ko ahagaritse umutahe wo gufata Bwana Assange, umutahe wasohowe mu myaka indwi iheze.

Bwana Assange, w'imyaka 45, yaba mu nyubakwa z'ubuserukizi bwa Equateur i Londres kuva mu 2012, atinya ko mu gihe yoba ajanywe muri Suède, ico gihugu cohava kimutanga kuri Amerika.

Igipolisi c'i Londres kivuga ko kizomufata ni yagerageza kugenda.

Ikigo "Metropolitan Police Service" (MPS) cavuze ko Bwana Assange acagigwa n'icaha cuko atitavye sentare, icaha gihanwa n'igifungo c'umwaka umwe canke amande.

Ubwongereza ntibwigeze buvuga ko bwoba bwararonse ubutumwa bwa Amerika busaba ko Bwana Assange yorungikwa mw'ico gihugu, aho yagirizwa kuba yaratanze ku mugaragaro ibihumbi vy'ivyegeranyo birimwo amabanga ya gisirikare n'ibikogwa vy'ubuserukizi bwa Amerika.

Uwufasha Bwana Assange mu rubanza aturuka muri Suède, Per Samuelson, yavuze ko ingingo umushikirizamanza yafashe kuri uno wa gatanu ari "intsinzi yuzuye" ku mukiriya wiwe.