Wenger: Kazoza kanje kazomenyekana inyuma ya "finale" ya FA Cup

Arsene Wenger yinjiye muri Arsenal mu 1996 avuye Nagoya Grampus Eight mu Buyapani Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Arsene Wenger yinjiye muri Arsenal mu 1996 avuye Nagoya Grampus Eight mu Buyapani

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, yavuze ko kazoza kiwe mu mugwi kazofatwa n'inama nshingwabikogwa inyuma y'urukino rwa nyuma (Finale) rwa FA Cup rutegekanywa itariki 27 z'ukwezi kwa gatanu.

Uwo mufaransa w'imyaka 67 amenyereza aba Gunners kuva mu 1996, amasezerano y'akazi akaba arangirana na rino ci.

Wenger amaze igihe yidogegwa n'abakunzi ba Arsenal basaba ko yogenda.

"Hari ibintu vyinshi dukwiye kuvugana n'umugwi nshingwabikogwa. Kimwe ni kumenya ikizokurikira ku vyerekeye umumenyereza," niko yavuze.

"Nobemerera ko ariho nzoba ndi ariko muri kino gihe dukwiye kugumiza ijisho ku rukino rwo ku munsi wa Mungu hamwe na "finale" yimirije."

Uwo mugwi wo mu buraruko bwa Londres uzohura na Chelsea iheruka gutsindira igikombe ca Premier League ku kibuga ca Wembley, rukazoba arigwo rukino rwonyene Arsenal isigaje kuronderamwo igikombe uno mwaka.