Indege z'Ubushinwa zazibiye iya Amerika

Ifoto y'indege Sukhoi Su-30 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ifoto y'indege Sukhoi Su-30

Indege zibiri z'Ubushinwa Sukhoi Su-30 zazibiye mu buryo "bw'abatazi ico bakora" indege y'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, niko igisirikare c'ico gihugu cavuze.

Imwe muri izo ndege z'Ubushinwa yegereye cane ku metero 45 indege ya Amerika WC-135 imera nkiyiyururukako, nkuko ubutegetsi bwabishikirije ikigo c'itangazamakuru CNN.

Amerika ivuga ko indege yayo yari mu gikogwa co kwihweza ikibazo c'ubushuhe burenze urugero mu kirere mpuzamakungu mu buseruko bw'ikiyaga c'Ubushinwa.

Haraheze igihe hari uruhagarara rutegwa n'ibikogwa vya Amerika hafi y'akarere mpuzamakungu k'amazi arimwo ubutunzi hafi y'inkengera z'Ubushinwa.

Umuvugizi w'igisirikare co mu kirere Lt Col Lori Hodge, yavuze ko ivyabaye "bizoshikirizwa Ubushinwa mu nzira y'ibiganiro canke mu migenderanire ya gisirikare", itohoza rikogwa n'igisirikare ryatanguye.