Imigwi ishamiranye yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano muri Sudani Yepfo

Abana batenga imiliyoni zibiri barakuwe mu vyabo n'ingwano iri muri Sudani y'Ubumanuko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana batenga imiliyoni zibiri barakuwe mu vyabo n'ingwano iri muri Sudani y'Ubumanuko

Icegeranyo c'umuryango mpuzamakungu Onu ku bwicanyi bubera i Yei muri Sudani Yepfo, kivuga ko hari ivyaha vyo mu ngwano bishobora kuba vyarakozwe.

Kivuga ko inteko ziyoboka Prezida Salva Kiir hamwe n'uwo batavuga rumwe Riek Machar arizo zobazwa ku mabi yakozwe hagati y'ukwezi kw'indwi 2016, n'ukwezi kwa mbere kw'uno mwaka.

Onu ivuga ko abasivile aribo bahigwa, bakicwa kubera ubwoko bwabo, amazu n'amaduka bigaturigwa, ivyo bigatuma ibihumbi vy'abanyagihugu bahunga.

Imigwi y'abitwaje ibigwanisho iguma ihohotera abanyagihugu iyo bahunga baca mw'ishamba, bagiye kurondera ubuhungiro mu gihugu ca Uganda.