Trump muri Israeli kuvyura ibiganiro na Palestina

Bwana Trump yavuze ko bizova kuri Israeli n'abanye Palestine kwitorera amasezerano ababereye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Trump yavuze ko bizova kuri Israeli n'abanye Palestine kwitorera amasezerano ababereye

Mu rugendo Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump arimwo mu gihugu ca Israeli, bitegekanijwe ko ahimiriza ico gihugu na Palestina gusubira mu biganiro vy'amahoro.

Bwana Trump atembereye Israeli n'intara za Palestina mu rugendo rwa mbere rumujanye hanze, avuye muri Saudia, aho yashikirije ijambo abarabu hamwe n'indongozi z'idini rya Islamu.

Ategekanya guhura n'abategetsi ba Israeli na Palestina mu rugendo rw'iminsi ibiri rwakomerejwe cane umutekano.

Uwo mukuru w'igihugu yavuze ko amasezerano y'amahoro ya Israeli na Palestina arico gikogwa co kw'isonga gikenewe, ariko ntiyasigura neza uburyo cokogwa n'intumbero cofata.

Yavuze ko yipfuza kurekera imigwi yose ikihitiramwo ingene ibiganiro vyogenda.

Mu nama y'i Riyadh ku munsi wa Mungu, Bwana Trump yasavye abarabu n'aba Islamu gufata iya mbere mu kugwanya imigwi y'intagondwa z'aba Islamu, asaba ko bovanwa kw'isi.

Yavuze ko Irani ari umwansi wa Saudia na Israeli, asigura ko ariyo ikokeza indyane n'iterabwoba mu karere kuva kera.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Irani, Mohammad Javad Zarif yaciye yishurira kuri Twitter, avuga ko Amerika isiga amavuta Saudia kubera amasezerano y'amamiliyardi y'amadolari yo kuyigurishako ibigwanisho baheruka gupfundika.