Ubushinwa ngo buzoguma bwikingira abasomyi b'urusaku

Bwana Xi na Bwana Trump barahuriye mu minsi iheze muri Florida Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Xi na Bwana Trump barahuriye mu minsi iheze muri Florida

Igihugu c'Ubushinwa cavuze ko gifise uburenganzira bwo kwikingira abasomyi b'urusaku b'abanyamahanga inyuma y'ibirego ko bwishe bwongera burafunga abanyamerika barenga cumi b'abasomyi b'urusaku.

Umuvugizi w'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu ntiyashatse gutanga insiguro zirambuye, ariko avuga ko Ubushinwa buzokurikirana ico cose coba kije guhungabanya umutekano w'igihugu.

Ku munsi wa gatandatu, ikigo c'amakuru New York Times, cavuze ko Beijing imaze gusambura ibikogwa vya C-I-A mu Bushinwa.

Ikinyamakuru co mu Bushinwa --Global Times -- cavuze ko niba ibivugwa ari ukuri, ko yoba ari "intsinzi ikomeye".