Abantu barenga 20 bakomerekejwe na bombe ku bitaro vya Bangkok

Iyo bombe yaturikiye mu cumba c'abashitsi mu bitaro vya gisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iyo bombe yaturikiye mu cumba c'abashitsi mu bitaro vya gisirikare

Abantu barenga 20 bakomerekejwe na bombe ntoyi ku bitaro vya gisirikare vy'i Bangkok, umugwa mukuru wa Thailande.

Iyo bombe yaturikiye mu bitaro vya Phramongkutklao, bivura abasirikare b'abakukuruke hamwe n'imiryango yabo.

Caturitse kw'isabukuru rya gatatu ry'ihirika ry'ubutegetsi ryo mu 2014, ryatumye igisirikare kija ku butegetsi.

Igipolisi kivuga ko kitazi uwagavye ico gitero, cibasiye icumba cegereye iduka ry'imiti.

"Twatoye ibihimba vy'igikoresho gitwara umuyagankuba hamwe n'ibateri, hamwe n'intsinga. Tugiye gukora itohoza ariko twasanze ico gisasu gishobora gushika ku metero zibiri canke zitatu," niko ikinyamakuru Bangkok Post cavuze gisubiramwo amajambo y'icegera c'umukuru w'igipolisi c'igihugu, Jenerali Srivara Rangsibrahmanakul.

Ubutegetsi buvuga ko abantu benshi bakomerekejwe n'ibimanyu vy'ibiyo bimenetse vyaguruka.

"Abantu umunani binjijwe ibitaro ngo bakurikiranwe...muribo harimwo umugore akeneye kubagwa ibimanyu vy'ibiyo vyinjiye ku matama," niko ikigo AFP kivuga gisubiramwo umuyobozi w'ibitaro Saroj Keokajee.

Ikinyamakuru co muri Thailande "The Nation" cavuze ko umushikiranganji wa mbere Prayuth Chan-ocha yasavye ko hatanguzwa itohoza mu maguru masha.

Maha Vajiralongkorn yemejwe nk'umwami wa Thailand