Urubanza rw'abagerageje guhirika ubutegetsi muri Turukiya rwatanguye

Umukuru w'igisirikare co mu kirere wa kera Akin Ozturk niwe yabaye uwa mbere kujanwa muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igisirikare co mu kirere wa kera Akin Ozturk niwe yabaye uwa mbere kujanwa muri sentare

Urubanza rw'abagerageje guhirika ubutegetsi mu kwezi kw'indwi muri Turukiya rwatanguye muri sentare ihambaye iri mw'ibohero riri mu bwinjiriro bw'igisagara Ankara.

Mu bantu 221 barindiriye kwisigura harimwo uwahora arongora ingabo zo mu kirere Akin Ozturk.

Ni we yari uwa mbere ku murongo waca mw'isinzi ry'abantu ritabaha ni rwere, umwumwe mu banyororo akikujwe n'abacunga imbohe babiri hamwe n'umusirikare.

Abantu babaraba barengana babasabira igihano c'urupfu--naho kitarekuwe muri Turukiya.

Begetsweko ivyaha vy'ukwica abasivile 250 mu kugerageza guhirika ubutegetsi.

Uwa mbere mu barondegwa--umuvugabutumwa w'umu Islamu Fethullah Gulen--yigumiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yarahakanye ko ata ruhara afise muri iryo hirika ry'ubutegetsi.

Abandi bari mu bajanywe muri sentare n'abahora ari abasirikare bo ku ngazi zo hejuru.