Trump asaba kurereka Irani ntikore ibigwanisho vya "nucléaire"

Bwana Trump yakiriwe na Prezida Rivlin Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Trump yakiriwe na Prezida Rivlin

Mu rugendo Prezida Donald Trump arimwo mu gihugu ca Israeli yagabishije ku ngorane zokwaduka igihe igihugu ca Irani coba kironse ibigwanisho vya "nucléaire"

"Irani ntikwiye gutunga ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire", niko yabwiye abamenyeshamakuru i Jerusalem ari kumwe na Prezida Reuven Rivlin.

Bwana Trump atembereye Israeli n'intara za Palestina mu rugendo rwa mbere rumujanye hanze, avuye muri Saudia, aho yashikirije ijambo abarabu hamwe n'indongozi z'idini rya Islamu.

Ategekanya guhura n'abategetsi ba Israeli na Palestina mu rugendo rw'iminsi ibiri rwakomerejwe cane umutekano.

Uwo mukuru w'igihugu yavuze ko amasezerano y'amahoro ya Israeli na Palestina arico gikogwa co kw'isonga gikenewe, ariko ntiyasigura neza uburyo cokogwa n'intumbero cofata.

Yavuze ko yipfuza kurekera imigwi yose ikihitiramwo ingene ibiganiro vyogenda.