Stan Kroenke wa Arsenal: umutahe wanje ntugurishwa

Stan Kroenke afise umutahe wa 67% muri Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Stan Kroenke afise umutahe wa 67% muri Arsenal

Umugabo afise umutahe munini mu mugwi wa Arsenal, Stan Kroenke, yavuze ko umutahi wiwe "atari canke utigeze uba uwo kugurisha".

Ishirahamwe ryo muri Amerika ryasohoye itangazo ku munsi wa mbere, inyuma yaho Alisher Usmanov amenyeshereje ko ashobora gutanga umuliyardi £1 (umuliyardi $1.3) ngo yigenzurire wenyene Arsenal.

"Kroenke Sports and Entertainment" yavuze ko "izokorera igihe kirekire ku mugwi Arsenal kandi ko ariko bizokwama".

Iryo tangazo ryasohotse inyuma y'umunsi umwe vyanse ko Arsenal itsindira kuja mw'ihiganwa rya "Champions League" ubwa mbere mu myaka 20.

Kroenke afise umutahe wa 67% muri Arsenal. Usmanov nawe 30% ariko akaba atari mu mugwi ufata ingingo muri Arsenal.

Uwo mugabo aturuka muri Uzbekistan ariko afise ubwenegihugu bw'Uburusiya yavuze mu kwezi kwa kane, ko Kroenke ariwe akwiye kubazwa ukuntu umugwi ubandanya witwara nabi ku kibuga.