Abatayizabo muri RD Congo mu 2016 baruta aba Syria na Iraki

Abantu 922000 barakuwe mu vyabo n'ingwano muri RD Congo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu 922000 barakuwe mu vyabo n'ingwano muri RD Congo

Igitigiri c'abantu bakuwe mu vyabo kubera indyane muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo mu mwaka uheze, kiri hejuru ku c'abantu bataye ingo muri Syria na Iraki.

Abantu 922000 nibo bavuye mu ngo zabo ku ndyane ziturutse ku mvo za politike mu mwaka uheze, ugereranije na 824000 muri Syria na 659000 muri Iraki.

Abashakashatsi bo mu kigo co muri Norvege citaho impunzi, "Norwegian Refugee Council" (NRC) baharuye abantu barenga 922000 vyabaye ngombwa ko bata ingo zabo muri RD Congo mu 2016.

Umunyamabanga mukuru wa NRC, Jan Egeland, yabwiye BBC ko bitangaje kubona atari Syria na Iraki gusa bifise abimukira benshi.