Yahya Jammeh yagirizwa kunyuruza imiliyoni $50

Yahya Jammeh yavuye mu gihugu mu kwezi kwa mbere atsinzwe amatora Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yahya Jammeh yavuye mu gihugu mu kwezi kwa mbere atsinzwe amatora

Uwahora arongora igihugu ca Gambia yagirizwa kuba yaranyuruje niburiburi imiliyoni $50 z'igihugu, imbere yuko akivamwo mu kwezi kwa mbere, niko umushikiranganji w'ubutungane yavuze.

Yahya Jammeh yagirizwa kuba yanyuruje ayo mahera akoranye n'ishirahamwe ry'igihugu ry'itumanako.

Sentare yasavye ko amatungo yiwe yose yo muri Gambia ahagarikwa.

Bwana Jammeh yahungiye mu gihugu ca Guinée Equatoriale amaze imyaka 22 ku butegetsi.

Yaratsinzwe amatora mu kwezi kwa 12, yemera gukinjura aruko inteko zo mu karere zimumenyeshereje ko zimukura ku butegetsi ku nguvu.

Igihe agenda, bivugwa ko yapakiye indege itwara imizigo yo muri Tchad imiduga izimvye hamwe n'ibindi bikoresho.

Ayo mahera ubwa mbere yavugwa ko yoba arenga imiliyoni $11 n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Mai Ahmad Fatty hamwe n'umufasha wa Prezida mushasha Adama Barrow.

Ku munsi wa mbere, umushikiranganji w'ubutungane Abubacar Tambadou yavuze ko Bwana Jammeh yakuye mu bigega imiliyoni $50 hagati ya 2006 na 2016.