Inteko za Amerika zishe abagwanyi ba Al-Qaeda

Amerika yaragavye ibitero vyinshi kuri Al-Qaeda yo muri Yemeni hakoreshejwe "drones" ku butegetsi bwa Prezida Obama Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amerika yaragavye ibitero vyinshi kuri Al-Qaeda yo muri Yemeni hakoreshejwe "drones" ku butegetsi bwa Prezida Obama

Inteko za Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye igitero ku kirindiro ca Al-Qaeda muri Yemen, zica abagwanyi indwi, niko igisirikare ca Amerika cavuze.

Abo bagwanyi ngo bishwe "hakoreshejwe ibigwanisho bitobito hamwe n'ibitero vyo mu ndege" mu ntara ya Marib, mu buseruko bwa Sanaa, ku munsi wa kabiri mu gitondo.

Intego y'ico gitero ngo kwari ukurondera amakuru y'iperereza.

Ico gisirikare nticigeze kivuga ko hari umusoda wa Amerika yasize ubuzima muri ico gitero cari gishigikiwe na Leta ya Yemeni.

Mw'itangazo ryasohowe, ibiro vya Amerika bigenzura ibikogwa vya gisirikare vyavuze ko abo bagwanyi bakukira Al-Qaeda yo mu gace ka "Arabian Peninsula" (AQAP).

Amerika ikunze kugaba ibitero ku birindiro vya Al-Qaeda vyo muri Yemeni, ikoresha ama "drones".

Mu kwezi kwa mbere, ico gihugu kivuga ko cishe abagwanyi 14 ba Al-Qaeda ku kirindiro kiri muri Yemeni ya hagati.