Trump agiye gukora "ibishoboka vyose" ku mahoro yo mu Buseruko bwa hagati

Bwana Trump avuga ko agiye gukorana na Israeli hamwe na Palestina ngo afashe gutsimbataza amahoro Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Trump avuga ko agiye gukorana na Israeli hamwe na Palestina ngo afashe gutsimbataza amahoro

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko azokora "ibishoboka vyose" ngo afashe Israeli na Palestina kugera ku mahoro.

Mu nama yagiranye na Mahmoud Abbas, yavuze ko anezerejwe nuko indongozi ya Palestina yemeye kugwanya ibikogwa vy'iterabwoba.

Nta biganiro vy'amaso mu yandi Israeli iherutse kugirana na Palestina mu myaka irenga itatu, mu gihe Bwana Trump yemera ko yoba "amasezerano akomeye kurusha ayandi".

Uno munsi ni uwa nyuma w'urugendo rw'umukuru w'igihugu ca Amerika agendera akarere k'Ubuseruko bwa hagati.

Mu karere ka West Bank na Gaza, abanye Palestina barakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza urwo rugendo.

Bwana Trump yavuze ko yagiye i Betelehemu, aho yagiranye umubonano na Bwana Abbas "afise umutima urimwo icizere".

"Niyemeje gufasha gushika ku masezerano y'amahoro hagati ya Israeli na Palestina," niko yavuze.

"Ntegekanya gukora ibishoboka vyose ngo ndabafashe gushika kuri iyo ntego."

"Ngiye gukorana n'izi ndongozi ngo dushike ku mahoro arama."

Yavuze ko Prezida Abbas yamwemereye ko agiye gukora yitanga ngo bashike kuri iyo ntego.