Urubanza rw'uwahora arongora Korea Yepfo Park Geun-hye rwatanguye

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umupfasoni Park yari yambaye amapingu igihe yashikanwa muri sentare

Mu rubanza rw'uwahora arongora Korea Yepfo Park Geun-hye rwatanguye uno munsi, uwo mukenyezi yavuze ko ata caha yiyagiriza ku bijanye n'ibirego vy'ibiturire yegetsweko vyatumye ava mu mabanga yo kurongora igihugu.

Uwo mukuru w'igihugu yakuwe, akurikiranwa n'ivyaha bijanye no kurya ibiturire, gukoresha nabi ububasha bwiwe no kugaragaza amabanga y'igihugu.

Igihe yaraje kwitaba ubwa mbere kuva aho afatiwe mu kwezi kwa gatatu, yazanywe muri sentare n'imodoka y'ibohero yo mu bwoko bwa "van", afunzwe amapingu.

Igihano kinini kurusha ibindi ku bijanye no kurya ibiturire ni igifungo c'ubuzima bwose muri Korea Yepfo.

Umupfasoni Park yagirizwa kuba yarakoranye na somambike wiwe, Choi Soon-sil, mu kunyonyora amahera amashirahamwe akomeye yo muri Korea Yepfo arimwo Samsung kugira ngo yoroherezwe mu kazi.

Umupfasoni Choi Soon-sil, nawe nyene afise ivyaha bimukurikirana, yari yicaye iruhande y'umupfasoni Park igihe urubanza rwatangura. Nawe nyene yahakanye ivyo aregwa.

Abunganira Park mu rubanza bavuze "ko ata mpamvu nimwe Prezida Park yari gusaba ku nguvu amashirahamwe amahera atari munyuma gushobora gukoresha mu vyiwe".