Itara rizimbutse rikoresha inguvu z'izuba rigenewe Afrika

Itara SM100 rishobora kumara amasaha 8 ryaka iyo ryuzuye Uwufise ububasha kw’isanamu INVENTID
Image caption Itara SM100 rishobora kumara amasaha 8 ryaka iyo ryuzuye

Ikigo c'abahinga giherutse gukorana n'ihinguriro rikomeye ryo mu Bushinwa, bahingura itara rikoresha inguvu z'izuba riri mu yazimbutse cane kw'isi.

Ihinguriro Inventid rifise icicaro mu gisagara ca Manchester mu Bwongereza niryo ryiyumviye iryo tara ry'izuba, rimwe rikagurishwa amadolari $5 mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika.

Ryakozwe n'ihinguriro ryo mu Bushinwa Yingli hamwe n'ikigo c'abagiraneza "Solar Aid".

Iryo tara umuntu ashobora kugendana rimara amasaha umunani ryaka igihe ryujujwe inguvu z'izuba.

Itara SM100 ryatangujwe mu miryango 9000 yo mu bihugu bitatu vya Afrika, Malawi, Uganda na Zambia, ubu rikaba rigeze ku masoko.

Amatara ya peteroli niyo akoreshwa henshi ku bantu imiliyoni 600 bo mu turere tutagira umuyagankuba muri Afrika.

Ayo matara asigaye asaba amahera menshi mu kuyakoresha, rimwe na rimwe agashobora gukwega n'impanuka.