Senegal yatsinze Saudi Arabia 2-0 mu rukino rwa mbere rwa Under-20

Senegal yararushije igihe kirekire umugwi w'aba Saudis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Senegal yararushije igihe kirekire umugwi w'aba Saudis

Mu rukino rwa mbere rw'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru mu bafise imyaka iri munsi ya 20 (Under-20), umugwi wa Senegal watanguye neza mu gutsinda uwa Saudi Arabia 2-0 ku munsi wa mbere.

Mu gihe bari bashitse mu gice c'ica kabiri "demi-finale" mw'ihiganwa riheruka, Senegal yaronse amanota atatu inyuma y'ibitsindo vyo mu gice ca mbere vyinjijwe na Ibrahima Niane na Cavin Diagne.

Ku rundi ruhande Amerika yanganije na Equateur 3-3, mu rundi rukino rwo mu mugwi F.

Umugwi wa Senegal wari gushobora kwinjiza vyinshi ariko usanga umunyezamu wa Saudi Arabia, Mohammed Alyami, aguma yarikanuye.

Senegal izoca ikina na Amerika ku munsi wa kane, mu gihe Equateur izoba ihura na Saudi Arabia.

Urukino rwa nyuma rutegekanywa itariki 11, ukwezi kwa gatandatu mu gisagara ca Suwon muri Korea Yepfo.