Umukinyi wa sinema Roger Moore yitavye Imana

Roger Moore yishwe n'ingwara ya "cancer"
Image caption Roger Moore yishwe n'ingwara ya "cancer"

Umukinyi wa sinema w'umwongereza, Roger Moore, azwi cane mu gukinira kw'izina rya James Bond, yapfiriye mu gihugu c'Ubuswisi ku myaka 89.

Mu sinema indwi Roger Moore yakinyemwo ariwe mukinyi mukuru yigizwe umupererezi, zinjije umuliyardi w'amadolari.

Umuryango wiwe uvuga ko wacitse intege kubera urwo rupfu, rwatewe n'ingwara ya "cancer".

Roger Moore yatanguye gukina yitwa James Bond asubiriye Sean Connery, mu 1973, mw'isinema "Live and let die", abandanya akina neza mu zakurikiye mu kiringo c'imyaka 12.

Roger Moore yitavye Imana azi neza ko yari umukinyi akomeye kandi azi utuntu twinshi.